Yoba ari inzira yo kumenya ukuri?

Avuga ko yishe umwe mu babikira bo mu Kamenge
Image caption Clovis Kwizera

Igipolisi c' Uburundi caraye gihamagaye abanyamakuru kumviriza umwe mu bo bita "inkozi z'ikibi zishikanye", avuga ko ari mu bishe ababikira b'aba Taliyanokazi.

Ababikira batatu biciwe kuri Paroisse Maria Conforti mu Kamenge mu kwezi kwa cenda mu 2014.

Uwuzwi kw'izina rya Clovis Kwizera batazira Desire amaze igihe mu minwe y'igipolisi, yiyemerera ko ariwe yishe ubwiwe umwe muri abo babikira, abandi ngo bicwa n'abo bari basangiye ico gikorwa batatu.

Avuga ko hari bamwe mu bajejwe umutekano n'intwaro babiboroherejemwo.

Uwo musore amaze ukwezi kurenga mu minwe y'iperereza avuga kandi ko ari mu baturiye imangazini y'abashinwa T2000 yari hagati mu gisagara ca Bujumbura.

T2000 yahiye mu kwezi kw'icenda mu mwaka uheze.

Ivyo bikorwa vy'ububisha Desire avuga ko yabitumwa n'umunyepolitike ari hanze y"igihugu ngo kugira abanya Bulaya n'abashinwa bafasha Uburundi babukureko icizere.

Igipolisi c'Uburundi cari gisanzwe carafashe umuntu cemeza ko ariwe yishe abo babikira.

Ku muriro wahitanye imangazini y'abashinwa ntaco amatohoza yari bwerekane.

Uwo Desire kandi ni nawe yerekanye ejo kuwa gatanu ku mugoroba ikinogo kivugwa ko coba cahambwemwo abantu ikivunga muri zone ya Cibitoke mu buraruko bw'igisagara ariko habonetseyo ikiziga kimwe.

Urutse ivyo hari umuntu yatowe ikiziga aho ashobora kubsa yaraye yiciwe mu Buyenzi mu gisagara ca Bujumbura.

Uwo mutama w'imyaka ishobora kuba irenga 60 ikiziga ciwe catowe hafi y'umusigiti kw'ibarabara rya 13 .

Abantu bane bafashwe ku mvo z'amatohoza.