Urugendo rwa Obama muri Cuba

Nta mukuru wa US yaheruka muri Cuba Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Obama arahura na Castro

Leta ya Cuba yiteze kuganira na perezida wa Leta zunze Ubumwe za Amerika ku bibazo vyose harimwo n'ivyerekeye demokarasi n'uburenganzira bwa muntu.

Ariko umukozi wo mu bushikiranganji bw'imigenderanire, Josefina Vidal, yavuze ko ibibazo nka ben'ivyo bidashobora guharirwako.

Urwo rugendo rwo kuri uyu w'Imana rwa perezida Obama, rubaye inyuma y'imyaka 88 ata mukuru w'igihugu wa Leta zunze Ubumwe za Amerika agendeye Cuba.

Josephina Vidal yanayoboye ibiganiro mu nzira yo kuvyura imigenderanire na Leta zunze Ubumwe za Amerika, avuga ko hari hageze ko ivyo bihugu vyompi bihindura ingendo, inyuma y'imyaka vyari bimaze bidacana uwaka.

Cuba yakomeje gusaba ko ingingo yafatiwe na Leta zunze Ubvumwe za Amerika, yo guhagarika imigenderanire yose y'ubudandaji, yokurwaho.