Amashirahamwe PARCEM na AGCB yasubiye kwemererwa gukora

Image caption Ayo mashirahamwe yari yarahagaritswe yagirizwa gukorana n'abo leta ivuga ko bagira imigumuko

Mu Burundi, amashirahamwe abiri, PARCEM - ishirahamwe rihamagarira abarundi guhindura ingendo n'ivyiyumviro kugira bashike kw'iterambere rirama - na AGCB rihurikiyemwo abanyamategeko b'abakatolika mu Burundi, yasubiye kwemererwa gukora ku mugaragaro.

Ayo mashirahamwe hamwe n'ayandi atarasubira kwemererwa gukora, yari yahagaritswe mu kwezi kwa cumi na rimwe yagirizwa gukorana n'abo leta ivuga ko bagira imigumuko n'abashatse gutembagaza ubutegetsi.

Ayo mashirahamwe PARCEM na AGCB yemerewe gusubira gukora ku mugaragaro n'umushikirizamanza mukuru wa republika, agirako anandikira abarongoye amabanke bose ko ingingo yari yafashe yo kugara amakonte yayo yahagaritswe.

Abarongoye ayo mashirahamwe bavuga ko bakengurutse iyo ngingo, bavuga ko bagiye kubandanya barangura amabanga biyemeje yo gufasha abanyagihugu.

Ku kibazo co kumenya, nimba batagiye kuba ba niryo, ku buryo bazosanga bari mu kwaha kw'ubutegetsi, Faustin Ndikumana arongye ishirahamwe PARCEM, arabihakana.

Image caption Umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban ki Moon, igihe yari mu Burundi

Amashirahamwe ya PARCEM na AGCB yari mu mashirahamwe n'inani zayo agera kuri 13 yari yahagaritswe mu mpera z'umwaka uheze yagirizwa gukorana n'abagira imigumuko hamwe n'abashatse gutembagaza ubutegetsi.

Mu kwezi guheze intumwa z'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika zigizwe n'abakuru b'ibihugu n'amareta 5, hamwe n'umunyamabanga mukuru wa Onu Ban Ki Moon, baragize urugendo mu Burundi, gusaba ko hoba ibiganiro bidakumira kugira haboneke umuti urashe ku matati ari mu Burundi.

Muvyo basavye harimwo no kureka amashirahamwe ata ho yegamiye muri politike n'amaradiyo gusubira gukora ukuri kwamye, hamwe no kurekura imfugwa za politike.

Muri iyo ntumbero reta yarafashe ingingo yo guhagarika imitahe y'abantu 15 bo mu migwi itandukanye, irarekura amaradio abiri gusubira gukora harimwo isanganiro yari isanzwe iriko irakurikiranwa n'ubutungane hamwe rero no kurekura abanyororo 2000.

Abatavuga rumwe na reta ariko bavuga izo ngingo zidakwiye, ahubwo ari zo kubacanishamwo kuko zitezurira bamwe zikabohera amaboko imugongo abandi.