Uwanyuruje indege yashaka kubona umugore wiwe

Larnaca Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Inkuru zivuga ko uwanyuruje indege ya EgyptAir yashaka kuvugana n'umugore wiwe bavanye aba mu gihugu ca Chypre, ubu bivugwa ko ariko araja ku kibuga c'indege.

Prezida wa Chypre Nicos Anastasiades yabwiye abamenyeshamakuru koi co gikorwa co kunyuruza indege kitari ico iterabwoba, "turiko turakora uko dushoboye kugira abantu bose bave mu ndege bakomeye", ni ko yavuze.

Yishura ku bibazo vy'abanyamakuru vyo kumenya ko uwo muntu yabitewe n'urukundo, yatwenze aca avuga, "buri gihe hari umugore aca ashirwa mu majwi".

Ikinyamakuru co muri Chypre, CYBC kivuga ko bishoboka ko uwanyuruje iyo ndege yari afise ibintu vyiwe yashaka gushikako ku gatwe kiwe, uwo mugabo yari afise umugore wiwe bavanye aba muri ico gihugu.

Ababibonye bavuga ko uwo yanyuruje iyo ndege yajugunyiye ikete hasi ku kibuga c'indege, yanditse mu carabu, asaba ko bamujana kuri uyu mupfasoni.

Umuhinga muvyo gutwara indege, David Learmont yabwiye BBC ko umudereva yari kwanka amategeko yahawe n'uwo mugabo.

"Turabona ikintu kidasanzwe ngaha. Umudereva yemera gukurikiza amategeko y'uwo muntu kubera gusa bamubwiye ko hari umuntu yambaye ibintu vyo kwituritsa, yari kubanza akamenya neza ko bidashoboka kandi ko atari gukurikiza amategeko amuha."