Sentare nkuru yemeje intsinzi ya prezida Museveni

Prezida Museveni ni we yatsinze amatora"
Image caption Prezida Museveni ni we yatsinze amatora"

Sentare nkuru mu gihugu ca Uganda yanse kwakira ikirego co kwanka intsinzi ya prezida Yoweri Museveni mu matora y'umukuru w'igihugu yabaye mu kwezi guheze.

Iyo sentare yavuze ko n'aho habaye amakosa menshi muri ayo matora, ata co ashobora guhindura kuvyavuye muri ayo matora.

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Amama Mbabazi ni we yari yitwaye, akaba yari yabaye uwa gatatu.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Kizza Besigye aracapfungiwe muhira iwe

Kizza Besigye yaronse ikibanza kigira kabiri yavuze ko ataronse akaryo ko kwitwara kubera agipfungiwe muhira iwe.

Abarorerezi b'amatora bo muri ico gihugu na mvamakungu baranebaguye ayo matora yatsinzwe na Museveni.

Ibindi bisa n’ibi