Abanyekenya nibo batsinze marathon y'i Paris

Umunonotsi w'Umunyekenya Cyprian Kotut arenganye umurongo wo guheza Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Cyprian Kotut niwe yegukanye intsinzi muri marathon y'i Paris

Umunonotsi wo muri Kenya, Cyprian Kotut, niwe yatsinze isiganwa rya marathon ryabereye mu muji wa Paris.

Mugenzi wiwe w'Umunyekenya, Visiline Jeptosho, niwe yayitsinze mu rwego rw'abagore.

Iryo siganwa ryabaye umutekano ucungerewe cane nyuma y'ibitero vy'i Paris mu kwezi kwa cumi na rimwe hamwe n'i Bruxelles mu kwezi guheze.

Abasiganwa ibihumbi n'ibihumbi bavuye hirya no hino kw'isi mu bihugu bishika 163 nibo bitavye iryo siganwa.