Abigirizwa kudeta mu Burundi barengutse

Bane mu basirikare bakuru batanguye kuburanishwa mw'ido n'ido
Image caption Abaregwa n'abagrega bose barunguruje

Umurwi wa mbere wahamagawe kuburana urimwo jenerari Cyrille Ndayirukiye, jenerari Zenon Ndabaneze, jenerari Hermenegilde Nimenya na jenerari Juvenal Niyondiko.

Babiri mu bumvirijwe uyu munsi, jenerari Cyrille Ndayirukiye na jenerari Ndabaneze, bitavye batagira ababunganira mu mategeko.

Jenerari Ndayirukiye, asobanura ko yabuze uwumwunganira kuko uwo yituye wese amubwira ko 'atinya gushikirwa n'ivyashikiye abamwunganiye ubwa mbere'.

Abashingwamanza bari bemeye kumwunganira ubwa mbere, birukanywe mu rubanza inyuma yo gusiba mu ntahe y'icese.

Sentare yahisemwo gukomeza kuburanisha urubanza, imaze gusobanura ko Cyrille Ndayirukiye atigeze amenyesha ku gihe ko yabuze uwumwunganira.

Co kimwe na Cyrille Ndayirukiye, Zenon Ndabaneze atari yazanye umushingwamanza, nawe nyene yasabwe gukomeza kwiburanira, kuko atasavye abamwunganira ku gihe.

Iburanisha mw'ido n'ido kuri uru rubanza ryatanguye umushikirizamanza asobanura ko impamvu atanyuzwe n'ingingo ya mbere, ari uko umucamanza atigeze yerekana isano ryari hagati yo gushaka gutembagaza ubutegetsi n'imigumuko yatanguye itariki 26/04/2015.

Asobanura ko iryo sano ari ryo ryotuma abagirizwa, bagirwa n'ivyaha vyo gusambura inyubakwa z'ikigo ca Radiyo na Tereviziyo Rema.

Ku bantu 28 bagirizwa kugerageza gutembagaza ubutegetsi mu kwezi kwa gatanu mu mwaka uheze, bane baciriwe gupfungwa ubuzima bwose barimwo jenerari Cyrille Ndayirukiye afatwa nk'uwaza ubwa kabiri mu bari kw'isonga ry'uwo mugambi.

17 baciriwe gupfungwa hagati y'imyika 30 na 5, abandi 7 bambitswe izera.

Umushikirizamanza co kimwe n'abaciriwe ibihano bose barunguruje.

Hunguruje kandi abasaba indishi harimwo radiyo na tereviziyo Rema FM, umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD hamwe na leta.