Abantu 5 barishwe, abandi barakomereka mu ntara ya Ruyigi

Abatari bake bahungiye hanze y' Uburundi Uwufise ububasha kw’isanamu other
Image caption Abamaze gupfa kuva mu kwa 4 umwaka uheze barenga 400

Abantu batanu baraye bahitanywe n'igitero cagabwe n'umurwi w'abantu bitwaje ibirwanisho utaramenyakana mu ntara ya Ruyigi iri mu buseruko bw'Uburundi, ukekwa ko woba waturutse mu gihugu kibanyi ca Tanzania.

Bulamatari w'intara ya Ruyigi, Hassan Abdallah, yabwiye BBC ko haje umurwi w'abantu batazwi igitigiri badutse mu banyagihugu bari mw'isoko ritoyi ryo mu mutumba wa Munyinya muri komine Gisuru, bicamwo batanu abandi 6 barakomereka.

Bulamatari Hassan Abdallah avuga ko bene gutera n'ubu bagihirwa, ariko ngo hari abantu batanu bamaze gufatwa ku mvo z'amatohoza.

Abo bafashwe bakekwa ko boba barahaye indaro uwo murwi wateye, bikekwa ko woba waje uturuka muri Tanzania.

Ku kibazo co kumenya abo aribo, bulamatari avuga ko kugeza ubu batarabamenya, kuko atawashoboye gufatwa n'ubu bagikwirikiranwa, ariko ngo bakeka ko ari abahora baba aho Kinyinya bagiye muri Tanzania.

Ahagabwe ico gitero ni nko ku km 4 uva ku rubibe n'igihugu kibanyi ca Tanzania.

Tanzania isanzwe icumbikiye impunzi z'Abarundi ziri mu bagera ku 250 000 bahungiye mu bihugu bibanyi kuva mu kwezi kwa kane umwaka uheze, inyuma y'aho perezida Pierre Nkurunziza amenyeshereje ko azokwitoza kuyobora igihugu ku ncuro ya gatatu.