Uwuregwa mu bitero vya Paris yafashwe

Igipolisi ca Espagne cafahse uwukekwa guha ibirwanisho Amedy Coulibali Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Coulibali yarashe umupolisikazi imbere yo kuja kwica abandi 4 kw'iduka ry'Abayahudi

Igipolisi ca Espagne cemeza ko cafashe umugabo afise ubwenegihugu bw'Ubufaransa, aregwa guha ibirwanisho uwateye ikigo c'Abayahudi mu muji wa Paris.

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu bumenyesha ko Antoine Denevi, afise imyaka 27, yafatiwe Malaga, mu bumanuko bwa Espagne.

Igipolisi c'Ubufaransa cafashije mu gikorwa co kumufata.

Mu kwezi kwa mbere umwaka uheze, Amedy Coulibaly yishe Abayahudi yari yafashe ingwati kw'iduka risumiramwo Abayahudi mu muji wa Paris, imbere yo kuraswa naba polisi.

Imbere y'aho abandi bantu babiri bari barashe abantu 12 mu gitero bagavye ku kigo c' ikinyamakuru Charlie Hebdo mu muji wa Paris.