Abasoda b'abarusiya bahamijwe icaha c’iterabwoba muri Ukraine.

Yerofeyev (ibumoso) na Alexandrov Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Yerofeyev (ibumoso) na Alexandrov bahamijwe icyaha cyo gushoza intambara ikaze.

Sentare imwe yo mu gihugu ca Ukraine yaciriye urubanza abavugwa ko ari abasirikare badasanzwe babiri b'abarusiya, bagirijwe ivyaha birimwo iterabwoba, rwo gupfungwa imyaka 14.

Abo basirikare babiri, Alexander Alexandrov na Yevgeny Yerofeyev bafatiwe mu buseruko bwa Ukraine mu mpera z'ukwezi kwa gatanu.

Uburusiya bwarahakanye ko butigeze burungika ingabo muri ako karere kandi ko abo bagabo bikorera ku giti cabo, kuko bari baravuye mu gisirikare.

Hari ihagarikwa ry'intambara ridafashe mu buseruko bwa Ukraine hagati y'igisirikare hamwe n'abarwanya ubutegetsi bakoresheje ibirwanisho bafashwe mu mugongo n'Uburusiya.

Mu kwezi guheze, sentare yo mu Burusiya yahamije icaha umunya Ukraine, Nadiva Savchenko, co kwica abamenyeshamakuru babiri.

Bamuciriye gupfungwa imyaka 22.

Hari hanuganuzwe ko yashobora kurekurwa na bo barekuye abo barusiya babiri bafatiwe mu buseruko bwa Ukraine.

Aboneka ku mboneshakure mu ndwi iheze, umukuru w'Uburusiya Vladimir Putin yavuze ko reta yiwe iriko iravugana na Ukraine ivyerekeye ico kibazo.