Umupfasoni yakoze imyiyerekano ari gusa

Stella Nyanzi Uwufise ububasha kw’isanamu other
Image caption Mu nyuma Stella Nyanzi yemerewe kwinjira mu biro vyiwe

Ingingo y'umupfasoni umwe yize cane yo guta impuzu asigara ari gusa mu gihugu ca Uganda, yatumye haba uguharira muri ico gihugu.

Inyuma yo kubabazwa n'ingingo yo kugara ibiro vyiwe yafashwe n'abategetsi ba kaminuza ca Makerere, Stella Nyanzi yakuye impuzu zose nk'inzira yo kwanka iyo ngingo.

Mu nyuma yemerewe kwinjira mu biro vyiwe.

Benshi mu bamushigikiye bavuze ko vyabaye ngombwa ko akora ivyo kubera ivyo bari bamukoreye.

Abadashima ivyo yakoze bavuga ko ku karanga k'abapfasoni kuko bidakwiye ko umupfasoni yiyambura mu bantu.

Ikimenyeshamakuru ca New Vision co mu gihugu ca Uganda kivuga ko umushikiranganji ajejwe akaranga yasavye ko umupfasoni Nyanzi afatwa.

Ibindi bisa n’ibi