Abahiganwa na Trump bagiye kumukoranira

Donald Trump, ashaka guserukira umugambwe w'aba Republicains mu matora y'umukuru w'igihugu wa Amerika Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abahiganwa na Donald Trump bagiye kumukoranira

Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, babiri bahiganwa na Donald Tump mu kurondera uwuzoserukira aba Republicains mu matora y'umukuru w'igihugu bagiye gukorera hamwe ngo bamubuze gutsinda.

Ted Cruz avuga ko azogabanya kwiyamamaza i Oregon na New Mexico, nayo John Kasich we akavuga ko azoca aha bwana Cruz umwanya atsinde muri Indiana.

Bwana Trump amaze gutsinda henshi mu ntara zimaze gutora, ariko ntarakwiza abaserukizi kugira agenwe kwiyamamariza umugambwe w'aba Republicains mu matora y'umukuru w'igihugu mu kwezi kw'indwi.

Bwana Trump yamye yidogera abarongozi b'umugambwe avuga ko bariko barakora ivyo bashoboye ngo azotsindwe.