Aho bafatira indege i Bruxelles harugurura uno munsi

Ikibuga c'indege Zaventem mu Bubirigi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Aho ingenzi zica mu gufata indege ku kibuga ca Zaventem hononywe n'abiyahuzi

Igice ingenzi zicamwo mu gufata indege ku kibuga c'indege ca Zaventem mu Bubirigi, kirasubira gukora nyuma y'indwi zitandatu hagabwe igitero c'abiyahuzi.

Ico gitero cahitanye abantu cumi na batandatu gikomeretsa abandi benshi.

Ingenzi z'indege zatoranijwe ziraza gukoresha ico kibanza casanuwe, ubu kikaba gifise uburyo bushasha bwo gucungera umutekano.

Ico kibuga c'indege vyitezwe ko gisubira gukora ukuri kwamye hagati y'ukwezi kwa gatandatu.

Ibindi bisa n’ibi