Umugwizatunga Jacob Juma wo muri Kenya yishwe

Umugwizatunga Jacob Juma Uwufise ububasha kw’isanamu Facebook
Image caption Umugwizatunga wo muri Kenya, Jacob Juma yiciwe i Nairobi

Umugwizatunga wo mu gihugu ca Kenya, Jacob Juma, yiciwe mu gisagara ca Nairobi arashwe

Umugwizatunga azwi cane Jacob Juma, yahora yandika inkuru zituma haba impari ku mbuga za internet cane cane kuri Twitter muri Kenya, yishwe arashwe mu gisagara ca Nairobi.

Inkuru zivuga ko Juma yarashwe n'abantu bari kw'ipikipiki igihe yariko arataha muhira iwe i Kareen nk'isaha zine z'ijoro.

Basanze imodoka yiwe ifise intoboro cumi z'amasase.

Inkuru ziri mu kinyamakuru ca Daily Nation co muri kenya, igipolisi kivuga ko ata kintu na kimwe cibwe mu modoka yiwe.

Itelefone ziwe zibiri n'amahera babisanze muri iyo modoka.

Jacob Juma yakora akazi ko kwimba amabuye y'agaciro.

Yari umuyobozi mw'ikompanyi ya Erad yitwariye reta kubera itangwa ry'amasoko, asaba ko bomuriha imiliyoni 500 z'amashilingi ya Kenya.

Mu kwezi kw'umunani umwaka uheze, yaritwariye umukuru w'igisagara ca Nairobi, Dr Evans Kidero, asaba ko amakonte yiwe ahagarikwa, avuga ko afise uruhara mw'ikoreshwa nabi ry'amahera y'ikompanyi ikora isukari ya Mumias Sugar.

Jacob Juma kandi yaritwariye umushikiranganji w'amasoko ntangaguvu n'ubutaka, Najib Balala, inyuma y'aho ishirahamwe ryiwe ryimba amabuye y'agaciro ryakiwe uburenganzira bwo gukora.

mu myaka 10 iheze, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru ca Daily Nation, Juma yaritwariye kandi umukobwa w'uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Kenya, Daniel Arap Moi, kubera itongo rya hectares 250.

Yaritwariye kandi incuro zibiri zose icegera c'umukuru w'igihugu wa Kenya, William Ruto.

Ibindi bisa n’ibi