Urucanco rwa 'Fievre jaune' rwakenye

Bikekwa ko umubu Aedes aegypti ariwo ukwirakwiza fievre jaune. Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Fievre jaune iterwa n'umubu

Abashakashatsi muri Leta zunze Ubumwe za Amerika baragabisha ko ingwara ya 'Fievre jaune' ishobora kuba ikiza kubera ubukene bw'incanco zayo.

Ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu risabwa gufata ingingo zihuta kugira ritangirize ntihaduke ikiza c'iyo ngwara.

Abigisha babiri bo muri kaminuza ya Georgetown bavuga ko ikiza c'iyo ngwara ya 'Fievre jaune' kimaze guhitana abantu barenga 250 muri Angola, abarenga 2000 bakandura, gishobora gutandukira mu bindi bihugu.

Uwo mugera wa Fievre jaune umaze gutandukira mu bijhugu vya Republika iharanira Demokarasi ya Congo, Kenya n' Ubushinwa.

Mu ntango z'uyu mwaka, ishirahamwe OMS ryaramenyesheje ko hari ubukene bw'incanco za 'Fievre jaune', aho ryamenyesha ko ikigega c'integabizoza cari kwikorwako mu gihe bakeneye gutabara vyihuta caheze mu kwezi kwa kane.

OMS yemeza ko abantu batari munsi ya miliyoni zitandatu batew eurwo rucanco muri Angola, igihugu gifise abanaygihugu barenga miliyoni 24.

Ingwara ya 'Fievre jaune' iterwa n'umubu wo mu bwoko bumwe n'uwutera umugera wa 'Zika' canke 'Dengue'.