Ubufaransa buraburanisha Abanyarwanda 2

Ababuriye mw'isengero rya Kabarondo biteze gutunganirizwa Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Amwe mu mafoto y'abahitanywe na jenocide aboneka mu rwibutso rwa Kigali

Tito Barahira na Octavien Ngenzi bompi bagirizwa jenoside n'ibindi vyaha vyo gusinzikaza ubuzima bwa kiremwa muntu, vyakorewe abatutsi bagera ku 2000 bari bahungiye mw'isengero ya Kabarondo.

Abo bagabo bompi barahakana ivyaha baregwa.

Tito Barahira, yafatiwe i Toulouse aho yari asanzwe aba mu 2013, nayo Octavien Ngenzi yafatiwe mw'izinga rya Mayottes mu 2010.

Uru rubaye urubanza rugira kabiri Ubufaransa bugiye kuburanisha mw'ido n'ido muri sentare idasanzwe yo mu Bufaransa ku caha ca jenoside yakorewe mu Rwanda.

Abo bagabo bompi bari basanzwe barakatiwe gupfungwa burundu batahari na sentare yo mu Rwanda.