Umupfasoni yibarutse abana batanu muri Australia

Kim Tucci n'abana biwe batanu Uwufise ububasha kw’isanamu Erin Elizabeth Photography
Image caption Kim Tucci yise amazina abana biwe batanu Keith, Ali, Penelope, Tiffany and Beatrix

Umupfasoni umwe wo mu Gihugu ca Australia yerekanye ifoto y'abana batanu aherutse kuvyara mu kwezi kwa mbere.

Kim Tucci w'imyaka 26 vyamutwaye iminota ibiri gusa mu kwibaruka abo bana biwe, abakobwa bane n'umuhungu umwe.

Bose yabatwaye inda bisanzwe, nta kintu na kimwe co kwa muganga yakoresheje kugira atware iyo mbanyi.

Abaganga 50 ni bo bafashije uwo muvyeyi kwibaruka barinze kumubaga, kandi abo bana biwe bose barakomeye.

Abahinga bavuga ko ari umupfasoni umwe kuri 55 ashobora kwibaruka abana batanu icarimwe.

Umupfasoni Tucci, yaramenyekanye cane igihe yashira inkuru yerekeye imbanyi yiwe ku rubuga rwa Facebook.

Ikompanyi ifata amafoto ya Erin Elizabeth yarafashije cane uwo mupfasoni igihe cose yari afise iyo mbanyi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Erin Elizabeth Photography
Image caption Uwo muryango uvuga ko ukoresha ivyahi 350 buri ndwi

"Amano 50 n'imitima 6 iterera rimwe. Umubiri wanje waragwanye bikomeye kugira ndonke aba bana batanu bose bakomeye," Uko ni ko Tucci w'imyaka 26 yanditse igihe yariko arerekana amafoto.

"Ico nakoze cose, nagikoze kubera bo."

Uwo mupfasoni asigura ingorane yagiye aragira, yavuze ko igihe kimwe yiyumva ko agira apfe.

Yongeyeko ko, abaganga bamusavye ko yorokora abana babiri mu gukuramwo batatu basigaye kugira ntagire ibibazo.

Ariko yahisemwo gutwara iyo mbanyi y'abo bana bose gushika yibaruke.

Uwufise ububasha kw’isanamu Erin Elizabeth Photography
Image caption Umupfasoni Tucci yararonse abamukurikirana mu buryo budasanzwe amaze kwerekana imbanyi yiwe kuri facebook

Umupfasoni Tuccin'umugabo wiwe Vaughn bari basanganywe abana batatu, umuhungu n'abakobwa babiri.

Batanguye gusaba imfashanyo kugira bagure imodoka nini ishobora gutwara uwo muryango munini.

Ibindi bisa n’ibi