West Ham yatsinze Manchester United

Abakinyi ba West Ham Uwufise ububasha kw’isanamu Google
Image caption West Ham batsinze Manchester United 3-2

Umugwi wa West Ham watsinze Manchester United ibitego 3-2 mu rukino rwa nyuma rwabereye ku kibuga ca Upton Park.

Umugwi wa West Ham wasezeye ikibuga cawo ca Upton Park mu kuburizamwo imigambi ya Manchester United yo gushaka kuja mu migwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya, ku musi wa kabiri.

Rwari urukino rwa nyuma rukiniwe kuri ico kibuga, West Ham yari imaze gukinirako imyaka 112 imbere y'uko yimukira ku kibuga ca Olympic.

Muri urwo rukino rutari rworoshe, West Ham yaronse intsinzi y'ibitego 3-2.

Habaye akajagari imbere y'uko urwo rukino rutangura.

Abakinyi ba Man United bamenyerezwa na Louis Van Gaal, bari bazi neza ko bashoboye kuronka intsinzi muri urwo rukino hamwe n'uruzokurikira ruzobahuza na Bournemouth, bociye baronka uburenganzira bwo kuja mu nkino z'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya.

Ariko ugutsindwa kwabo gusigura ko Manchester City, ubu bari mu kibanza ca kane, barusha amanota ane nyene Man United, imbere y'uko bakina urukino rwa nyuma na Swansea City, batagishoboye kubacako.

Umukinyi wa West Ham, Diafra Sakho, ni we yatanguye kwinjiza mu gice ca mbere c'urukino, ariko Antony Martial wa Man United aza kwishura ico gitego ku munota wa 51, mu nyuma yongeramwo ikindi ku munota wa 72.

West Ham yaciye yikangura, itsinda ibitego bibiri vy'umutwe mu minota ine gusa, vyinjijwe n'abakinyi Michail Antonio na Winston Reid.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abakunzi b'umugwi wa West Ham bariko barigina intsinzi

West Ham baracafise ubushobozi bwo guheza bari mu kibanza ca gatanu.

Barushwa na Man United inota rimwe gusa, bakaba bazokina na Stoke ku musi w'Imana.

Man United bazokina na Bournemouth, mu rukino bategerezwa gutsinda nibaba bashaka kugerageza kuja mu migwi ine yambere.

Ibindi bisa n’ibi