Prezida Kabira azoguma ku butegetsi hatabaye amatora

Prezida Joseph Kabira Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Sentare nkuru ya RDC yemeje ko prezida Joseph Kabira ashobora kubandanya gutwara mu gihe hatoma amatora

Sentare nkuru yo muri Republika iharanaira Democratie ya Congo yemeje ko Prezida ashobora kuguma ku butegetsi mu gihe hatoba amatora mu kwezi kwa cumi na rimwe, nk'uko vyandikwa na Reuters.

Ibwirizwa shingiro rivuga ko Kabira azova ku butegetsi mu kwezi kwa cumi na kabiri arangije ibiringo vyiwe bibiri, ariko abatavuga rumwe na reta haheze igihe kirekire berekana amakenga ko ashaka ku guma ku butegetsi mu gucerewesha amatora.

Umugambwe uza imbere muyitavuga rumwe na reta muri Republika iharanira Democratie ya Congo, MLC, wiyamirije iyo ngingo ya sentare nkuru yekerera Prezida Joseph Kabira kuguma ku butegetsi mu gihe amatora ategekanijwe mu kwezi kwa cumi na rimwe yokwigizwa imbere.

Umunyamabanga mukuru w'uwo mugambwe, Eva Bazaiba, yavuze ko sentare itigenga, nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters.

Yongeyeko ko "Mu gihe sentare itubahirije ibwirizwa shingiro, ntituzokurikiza ivyo yavuze."

"Kw'igenekerezo rya 19 ukwezi kwa cumi na kabiri, ikiringo ca Kabira kizoba giheze. Igenekerezo rya 20, mu gihe yoguma ku butegetsi, tuzofata ko habaye ugufata ubutegetsi ku nguvu hirengagijwe ibwirizwa shingiro."