Trump yahinduye imvugo ku ba Islam

Donald Trump na Sadiq Khan
Image caption Donald Trump yahinduye aho ahagaze ku ba Islam binjira muri Amerika

Uwushaka kwitoza mu kibanza ca prezida wa Amerika, ku ruhande rw'aba republicains, yisubiyeko ku kibazo co kubuza aba islam kwinjira muri ico gihugu

Mu kiganiro yagiranye na television ya Fox News, Donald Trump yishura kw'ijambo umukuru w'igisagara ca Londres Sadiq Khan, yavuze, ko afise amakenga ko atazoshobora kwinjira mu gihugu ca Amerika ku butegetsi bwa Donald Trump, Trump yabwiye Fox News ko uwo mukuru w'igisagara ashobora kujayo, ko ivyo vyari ivyo yivugira gusa.

Umukuru w'igisagara ca Londres yamiriye kure ivyo Trump yashikirije, kuko ngo yavuze we wenyene hakuvuga kuba Islam bose.

Icipfuzo co kubuza aba islam kwinjira mu gihugu ca Amerika cariyamirijwe cane haba muri Amerika eka mbere no mu makungu.

Muri ico gihe nyene, umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, David Cameron, yasavye ikigongwe umukuru b'idini rya Islam, inyuma y'aho avugiye ko ari umuyoboke w'umugwi wa Islamic State.

Cameron yashikirije iryo jambo mu nama nshingamateka mu ndwi zitatu ziheze igihe bari mu myiyamamazo yo gutora umukuru mushasha w'igisagara ca Londres.

Cameron yavuze ko uwo bari bahanganye Sadiq Khan ari umu Islam yatahukanye intsinzi muri ico kibanza, yabonetse kenshi ari kumwe na Imam Sulaiman Ghani, Imam aherutse kuja mu karuhuko k'iza bukuru.

Ku ruhande rwiwe, Imam Ghani yaragabishije ko ashobora kwitura ubutungane kubera ivyo yagirijwe ko ari umuyoboke w'umugwi wa Islam State.