Prezida Dilma Rousseff ari mu kaga

Prezida Dilma Rousseff Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Inama nkenguzamateka yemeje ko haba amatora yo kwemeza canke guhakana ko Prezida Dilma Roussef aguma ku butegetsi

Inama nkenguzamateka ya Brezil ihejeje kwemeza ko haba amatora yo kwemeza canke guhakana ko Dilma Rousseff aguma ku butegetsi.

Azohagarikwa mu kazi k'umukuru w'igihugu imisi itarenga 180 mu gihe inama nkenguzamateka izoba iriko irasuzuma ivyo yagirizwa.

Umupfasoni Rousseff yagirizwa guhindura amahera ya reta hadakurikijwe amategeko no kunyegeza agahombo ico gihugu cagize kubera isubira gutorwa ryiwe mu 2014.

Ivyo vyose arabihakana.

Abakenguzamateka 55 bemeje ko hoba ayo matora, 22 baravyanka mu nama yamaze amasaha 20.

Icegera c'umukuru w'igihugu Michel Temer ni we azoba ararongora igihugu mu gihe urubanza rw'umupfasoni Rousseff ruzoba rukibandanya.

Rousseff yafashe ingingo yo kwunguruza muri sentare nkuru y'ico gihugu ayisaba ko yokwanka ko haba ayo matora, ariko iyo sentare yamiriye kure ico cifuzo.