Norwich na Newcastle mu cicaro ca kabiri

Abakinyi ba Norwich Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Umugwi wa Norwich wakorotse mu cicaro ca kabiri n'aho wari watsinze Watford

Imigwi ya Norwich City na Newcastle yahora mu cicaro ca mbere yokorowe mu cicaro ca kabiri.

Umugwi wa Norwich City wakorowe mu cicaro ca kabiri n'aho wari watsinze Watford.

Umugwi wa Newcastle United na wo nyene wakorotse.

Intsinzi wa Sunderland y'ibitego 3-0 kuri Everton ku musi wa kabiri, yatumye bashikana amanota 38.

Kubera rero Norwich na Newcastle badashobora gushikira uwo mugwi, nta gukekeranya iyo migwi ibiri ica ikoroka mu cicaro ca kabiri.

Ubu Norwich ufise amanota 34 co kimwe na Newcastle.

Uwundi mugwi wakorotse ni Aston Villa ufise amanota 17 ubu.

Troy Deeney ni we yari yatanguye kwinjiriza Watford muri urwo rukino rwabereye i Carrow Road, ariko Norwich baza gusubiza ico gitego biciye ku mukinyi Nathan Redmond.

Dieumerci Mbokani yatsindiye Norwich igitego ca kabiri, Craig Cathacart ashiramwo ica gatatu yiyinjije.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abakunzi b'umugwi wa Newcastle

Odion Ighalo yinjije ikindi gitsindo ariko Mbokali aca abatsindira ica kane.

Inyuma yo gukororwa, Norwich izokina umukino wayo wa nyuma nko kwinezereza igihe bazoba bahura na Everton ku musi w'Imana.

Watford bazogerageza kurangiza ihiganwa neza mu gihe bazohura na Sunderland ku kibuga cabo.