Umukuru w'abarwanyi ba Hezbollah yiciwe muri Syria

Mustafa Amine Badreddine Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umukuru w'abarwanyi ba Hezbollah bari muri Syria Mustafa Amine Badreddine yiciwe i Damas

Umugabo azwi kuba yari arongoye ingabo za Hezbollah muri Syria yiciwe ku mugwa mukuru w'ico gihugu i Damas.

Mustafa Amine Badreddine yahitanywe n'ikintu caturikiye iruhande y'ikibuga c'indege, nk'uko vyashikirijwe n'uwo mugwi w'abarwanyi ifise icicaro muri Liban mw'itangazo ku rubuga rwawo rwa al-Manar.

Badreddine yagirizwa kuba yari kw'isonga ry'abagandaguye uwari umushikiranganji wa mbere wa Liban, Rafik Hariri i Beirut mu 2005.

Umuhari wa Hezbollah ufashe mu mugongo prezida Bashar al-Assad, ukaba wararungitse ibihumbi n'ibihu,bi vy'abarwanyi kurwana ku ruhande rwiwe.

Ubushikiranganji bw'ubutunzi bwa Amerika bwafatiye ibihano Badreddine mu kwezi kw'indi, bwavuze muri ico gihe ko "yagirizwa ibikorwa vya gisirikare vy'umuhari wa Hezbollah muri Syria kuva mu 2011, harimwo gutwara abarwanyi b'uwo muhari muri ico gihugu abavana muri Liban, mu gushigikira ubutegetsi bwa Syria".