Baridoga ko banduriye ingwara mu birombwe vy'inzahabu

Miners Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abahoze bimba ubutare bari bamaze umwanya muremure basaba indishi kubera ubuzima bwabo bwononekariye ku kazi

Abimba ubutare bw'inzahabu mu gihugu ca Afrika y'epfo ubu barashobora kubandanya kwitwarira amashirahamwe yimba ubwo butare kubera amagara yabo ageramiwe bivuye ku kazi bakora, nk'uko vyategetswe na sentare ya Johannesburg.

Iyo ngingo ya sentare nkuru iratanze akaryo ku rubanza rw'abantu bazoserukira abo bimba ubutare, rukomeye muri kahise ka Afrika y'epfo.

Abo bahoze bimba ubutare bavuga ko bamerewe nabi cane kubera ingwara y'amahaha itagira umuti-silicosis, bivuye kugukora akazi imyaka myinshi mu birombwe.

Iyo sentare ivuga ko urwo rubanza ari yo "ngingo yonyene ibereye".

Iyo ngingo y'umucamanza Phineas Mojapelo, ishobora gutuma haba urubanza ruzomara imyaka ishika 10, nk'uko umumenyeshamakuru wa BBC Nomsa Maseko ari i Johannesburg abivuga.

Ariko abo bahoze bakora mu birombwe bafise icizere ko urwo rubanza rushobora gufasha mu gukingira ubuzima bwabo n'imiryango yabo, nk'uko bivugwa n'uwo mumenyeshamakuru.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ibihumbi n'ibihumbi vy'abahoze bakora mu birombwe muri Afrika y'epfo bavuga ko barwaye silicosis

Ingwara ya Silicosis, iterwa no guhema impwemu zirimwo silica iba iri mu mabuye y'inzahabu kandi ishobora gutera ingorane yo guhema, gukorora umwanya muremure hamwe no kubabara mu gatuntu eka mbere ishobora no gutera igituntu.