Boko Haram na IS ziteye impungenge ONU

Kenshi Boko Haram ikoresha ibendera ya IS yirabura Uwufise ububasha kw’isanamu Boko Haram Video
Image caption Boko Haram yarahiye kuyoboka IS

Inama nkuru y'umutekano kw'isi irajwe ishinga n'ubwiyongere bw'imigenderanire hagati y'umurwi Boko Haram n'abayoboke b'umurwi Islamic State.

Itangazo ry'inama nkuru y'umutekano kw'isi rimenyesha ko Boko Haram ikomeza guhungabanya amahoro no kubuza umutekano gutsimbatara mu karere ka Afrika yo hagati n'iyo mu burengero.

Uwo murwi w'abarwanyi bo muri Nigeria wiyemeje gukorana na Islamic State kandi bivugwa ko ukomeza kurungika abarwanyi kurwanisa IS muri Libya.

Ariko rero urugero rw'iyo migenderanire ntiruzwi neza.

Ivyo bivuzwe mu gihe uno munsi Nigeria yakira inama y'abakuru b'ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika ku kibazo ca Boko Haram.

Iyo nama kandi iritabirwa na perezida w'Ubufaransa Francois Hollande, hamwe n'umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubwongereza Philip Hammond.