Senegal na Gambiya mu biganiro

Biyamiriza amafaranga batangishwa na Gambiya yongerejwe incuro 100 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty images
Image caption Amakamyo y'abanya Senegal yazibiye inzira mu muji wa Keur Ayip.

Abanyonga imodokari nini nini muri Senegal bamaze igihe bazibiye urubibe bihana na Gambia, kuva igihe igihugu ca Gambia congereza incuro ijana amafranga kibaca mu kwinjiza imodokari ku butaka bwaco.

Iduzwa ry'ayo mafaranga atozwa ku modokari, ryatumye ivyo bihugu bidashobora guhanahana neza ibidandazwa.

Zimwe mu modokari za Senegal ubu zisigaye zirinda kuzunguruka ibirometero 500 kugira zice mu bumanuko bwa Senegal, mu gihe bari basanzwe bakoresha inzira ngufi ica ku butaka bwa Gambia.