Man Utd ntigikinye na Bournemouth

Old Trafford Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Impande zibiri za Old Trafford nizo zabanje gusohorwa

Urukino rwari guhuza imirwi ya Manchester United na Bournemouth ku kibuga ca Old Trafford rwasibijwe ku mvo z'umutekano.

Abari barindiriye kurorera urukino, bari ku mpande zibiri z'ikibuga nibo babanje gusohorwa.

Igipolisi kiriko cihweza agatu kateye abantu amakenga, kasanzwe mu kibanza ca Old Trafford.

Abafana baharurwa mu bihumbi baciye bakurwa muri sitade, imbere y'urukino rwari guhuza uwo murwi na Bournemouth.