Nigeria cahagaritse abarwanyi ba "Niger Delta Avengers"

Niger Delta Avengers Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Imigwi y'abagwanyi mu karere ka Niger Delta yaragize ibitero vyinshi ku bibanza bahinguriramwo ibitoro

Igisirikare ca Nigeria cahagaritse benshi mu bagwanyi b'umugwi wa "Niger Delta Avengers", vyibazwa ko bari inyuma y'ibitero vyagizwe ku miringoti ijana ibitoro mu bumanuko bw'ico gihugu.

Umwimbu w'ibitoro muri ico gihugu ntiwagenze neza kubera ivyo bitero.

Kompanyi yimba ibitoro yo muri Amerika, Chevron yarugaye ikibanza kimwe inyuma y'igitero umugwi wa Niger Delta Avengers wiyitiriye.

Benshi mu bagwanyi b'uwo mugwi baritavye akamo k'umugambi w'ikigongwe catanzwe mu 2009 inyuma y'intambara yabereye mu karere ka Delta kagwiriyemwo igitoro.

Igihugu ca Nigeria ni co cimbura igitoro cinshi ku mugabane wa Afrika, ariko ubutunzi bwaco ubu buhanganye n'ingorane kubera imanuka ry'igiciro c'igitoro kw'isi.