Umuhungu wa Museveni yongewe ipete

Kainerugaba Muhoozi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Kainerugaba Muhoozi, ibubanfu, aboneka nk'uwa 1 akomeye mu gisirikare ca Uganda

Perezida wa Uganda Yoweri Museveni yongerye ipete umuhungu wiwe Kainerugaba Muhoozi, anmushira ku rwego rwa general-major mu gisirikare.

Kainerugaba Muhoozi, afatwa nk'uwa mbere akomeye mu gisirikare ca Uganda.

Niwe mugaba w'urwego rudasanzwe rufatwa nk'igisirikare mu kindi gisirikare'.

Urwo rwego rufise ibisata vyose bigize igisirikare, nk'inteko zirwanira ku butaka (infantry) n'izirwanira mu kirere (Air Forces).

Urwo rwego ayobora kandi nirwo rujejwe gukingira umukuru w'igihugu n'ibindi bibanza bikomeye vya leta nk'amariba y'ibitoro.

Abenshi baribaza umuvuduko w'iyi ntwazangabo mu kuduga amapete, mu gihe yari imyaka ine gusa gusa agizwe brigadier-general.

Umukuru w'igisirikare ca Uganda ubwiwe aracari general Katumba Wamala.

Icuka n'ubu ntikiracururuka mu gihugu inyuma y'amatora aheruka.