Abimba igitoro muri Canada basabwe kuva i Fort McMurray

Igisagara ca McMurray Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umuriro wa Nyakanga waraturiye igice kinini ca McMurray

Abakozi 12,000 basabwe kuva mu bibanza bimbamwo igitoro vyegereye igisagara ca Fort McMurray bisugerejwe n'umuriro.

Umutegetsi wo muri ako karere yabwiye BBC ko abantu 8,000 bahawe amategeko yo kuba baritegurira kwimuka vy'agateganyo ku mugoroba wo ku wa mbere, biyongera ku bandi 4,000 bari bamaze guhabwa impanuro yo kuhava.

Abantu barenga 80,000 barahunze Fort McMurray mu ndwi zibiri ziheze igihe umuriro washika muri ico gisagara.

Inzu zoba zishika 2,400 zarahiye.

Igice kinini c'uwo muriro carazimye mu gisagara ariko mu misi mike iheze warabiriye gusugereza ako karere kandi.

Igitigiri kitari gito cabakozi caratanguye gusubira mu bibanza vyimbwamwo ibitiro mu bumanuko no mu buraruko bwa Fort McMurray mu misi iheze, kugira basubire gukora.

Ariko kuri uyu wa mbere, baragabishijwe ko umuriro uriko urabasugereza ugira imetero ziri hagati ya 30 na 40 ku munota mu buraruko bwa Fort McMurray.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umushikiranganji wa mbere wa Alberta Rachel Notley ari kumwe n'uwa Canada yose Justin Trudeau baragendeye igisagara ca Fort McMurray ku musi wa gatanu

Umusi wose, abategetsi b'akarere ka Wood Buffalo karongereje abahawe amategeko yo kuva muri ako karere ku bibanza vyose vyimbwamwo ibitoro vyo mu buraruko bwa McMurray no mu bumanuko bwa Fort McKay.

Muri ivyo bibanza hakaba harimwo na Suncor hamwe na Syncrude sites.