Dr Besigye yagirijwe kugambanira igihugu

Dr Kizza Besigye
Image caption Umukuru w'umugambwe ukomeye utavuga rumwe na reta ya Uganda Dr Kizza Besigye azoguma mw'ibihoro gushika itariki imwe z'ukwezi kwa 6

Umukuru w'umugambwe ukomeye utavuga rumwe na reta muri Uganda, Kizza Besigye yagirijwe na sentare yo mu gisagara ca Kampala kugambanira igihugu

Dr Besigye yajanywe mu nyubakwa za sentare i Nakawa kare cane imbere y'isaha zitatu, umwanya usanzwe ari ho amasentare atangura akazi, aca asomerwa ivyo yagirizwa.

Ni we yiburanira muri sentare, akaba yavuze ko adashaka kuzana abamuburanira muri urwo rubanza.

Umucamanza yavuze ko aba arapfunzwe gushika itariki imwe ukwezi kwa gatandatu.

Bubaye ubwa kabiri Dr Besigye ashika imbere ya sentare yagirizwa ico caha co kugambarira igihugu, kuko ubwa mbere hari ku musi wa gatanu w'indwi iheze, mu gisagara ca Moroto, inyuma y'aho bivugiwe ko yarahijwe mu mabanga yo kurongora igihgu imbere y'umusi umwe ngo prezida Museveni, yatangajwe ko yatsinzwe amatora aheruka.

Image caption Abashigikiye Dr Kizza Besigye

Dr Besigye, yarapfunzwe n'igipolisi imisi ibibi, aho yashikanywe muri sentare mu gihe akazi kariko kararangira.

Abamushigikiye baridoze bavuga ko batamurekuriye kuvugana n'abamuburanira.