Abantu benshi baburiye mu nkangu muri Sri Lanka

Colombo Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Amajana n'amajana y'abajejwe gutabara bariko barafasha abashikiwe n'ivyago nk'uyu mutamakazi wo mu gisagara ca Colombo

Abajejwe gutabara mu gihugu ca Sri Lanka bariko barahiga abantu benshi baburiye mu nkangu inyuma y'uruvura rwinshi rwaguye.

Umuryango utabara imbabare Croix rouge uvuga ko imiryango irenga 200 basenyukiweko n'imisozi mu bigwati bitatu mu ntara yo mu gihugu hagati ya Kegalle.

Ibiziga 13 biramaze gutorwa, kandi hari n'ibindi bitatu mu tundi duce tw'iyo ntara.

Abajejwe gutabara bavuga ko abantu 150 batabawe ariko amazu arenga 60 yaguweko n'imisozi.

Abantu boba bashika 32 barahitanywe n'umwuzure muri iyi misi itatu kubera imvura y'isegenya iri mu gihugu ca Sri Lanka, nk'uko bivugwa n'abategetsi.

Abantu bababa 350,000 barataye izabo kubera uwo mwuzure.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igice kinini c'igihugu kiri musi y'amazi

Ibomoka ry'imisozi rikomeye ryabonetse hagufi y'igisagara ca Aranayake ku musi wa kabiri ku mugoroba.

Abajejwe igikorwa co gutabara bavuga ko bafise ingorane yo kuronka ibikoresho bikomakomeye vyo gushika mu bibanza vyagize ingorane gusumba ibindi.