Man United mu nkino za Europa

Wayne Rooney Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Rooney yarinjije igitego kigira 100 mw'ihiganwa ryo mu Bwongera, uwari amaze gushikana ivyo bitego ni umufaransa Thierry Henry

Umugwi wa Man United watsindiye kuja mu nkino z'igikombe ca Europa League inyuma yo gutsinda Bournemouth.

Marcus Rashford ni we yakomewe amashi cane inyuma y'aho Manchester United itsindiye kuja mw'ihiganwa ritoya rya Buraya (Europa League) inyuma yo gutsinda umugwi wa Bournemouth mu rukino rw'ihiganwa ryo mu Bwongereza rwari rwasivye.

Iyo migwi ibiri ntiyari yashoboye kurangiza urukino ku musi w'Imana inyuma yo kwikeka ibombe iri ku ntebe imwe muzo abarorerezi.

Wayne Rooney ni we yabanje kwinjiriza Man United igitego ca mbere ahawe umupira na Antony Martial, Marcus Rashford yinjiza ica kabiri imbere y'uko Ashley Young ashiramwo ikigira gatatu.

Ico gitsindo ca gatatu ni co catumye baja imbere y'umugwi wa Southampton , na bo bazoja muri izo nkino za Europa League ariko babanje guca mw'ijonjora.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umukinyi akiri muto Marcus Rashford ni we yatamariwe cane inyuma y'urwo rukino

Ubu Man United irindiriye guhura mu rukino rwa nyuma rwa FA n'umugwi wa Crystal Palace ruzobera ku kibuga ca Wembley ku musi wa gatandatu.

Louis Van Gaal, ubu bitaramenyekana kazoza kiwe muri uwo mugwi, ashaka kuronka igikombe ca mbere muri uwo mugwi, kuva batwaye igikombe c'ihiganwa ryo mu Bwongereza mu mwaka wa 2013, bamenyerezwa na Sir Alex Ferguson.