Indonesia igiye kubuza abantu kuja gukora mu mahanga

Hong Kong Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umwe mu bakobwa bakora akazi ko munyu(umuyaya) wo muri Indonesia yari yagiriwe nabi n'umukoresha wiwe muri Hong Kong

Kuva mu 2017, reta ya Indonesia izobuza abantu bayo kuja gukora mu bindi bihugu, kugira bakore iwabo

Ariko bazorekurwa ku bitigiri kitaramenyekana gukora akazi ko munzu mu gihe gusa batazoba babana n'uwubahaye akazi, bumvikanye ku masaha bakora kandi bakemererwa kuronka imisi y'akaruhuko.

Abategetsi bakuru mu gihugu ca Indonesia, bemeje izo ngingo zizomara umwanya muremure, zifise intumbero yo gukingira abakozi, ubu zikaba zigiye kumenyeshwa bose mu misi iza nk'uko bitegekanijwe.

Abantu ibihumbi n'ibihumbi bo muri Indonesia, ubu bakora imirimo yo muhira mu bihugu vyo hanze cane cane mu buseruko bwa Asia hamwe no mu burasirazuba bwo hagati, benshi muri bo bakaba babana n'ababahaye kazi.