Umutama yagwanye n'ingona amasaha atatu muri Australia

Australia Uwufise ububasha kw’isanamu Huw Evans picture agency
Image caption Umutama w'imyaka 72 yagwanye n'ingona amasaha atatu mu gihugu ca Australia

Umutama umwe w'imyaka 72 yabwiye abamuabaye ingene yagwanye n'ingona igihe yabona itwaye mugenzi we mu mazi mu buraruko bwa Australia.

Abo bagabo babiri bariko bararoba igihe iyo ngona yatembagaza ubwato bwabo bwo kuroba ku nkengera y'ibahari ya Leaders mu gisagara ca Darwin, ku musi wa kabiri mu gitondo.

Umuntu umwe yaribiye inyuma y'aho iririwe n'iyo ngona igihe yariko aragerageza kurira ubwo bwato.

Uwundi murovyi yarashoboye gukubita iyo ngona icuma ku mutwe muri iyo ntambara yamaze amasaha atatu.