Umupfasoni yaciwe ihadabu yafunguye telefone y'umugabo

Arabe
Image caption Umupfasoni umwe wo mu barabu yaciwe ihadabu kubera kuraba muri telefone y'umugabo

Umupfasoni umwe wo mu gihugu c'abarabu yaciwe ihadabu yongera asubizwa iwabo azize kuraba muri telefone y'umugabo wiwe.

Ibimenyeshamakuru bivuga ko uwo mupfasoni yafashe telefone y'umugabo arayugurura, inyuma yo kumwikeka ko afise uwundi mugore hanze.

Umugabo wiwe yaramwitwariye mu gipolisi hanyuma uwo mugore baramwitwarira bafatiye kw'itegeko ryo kwonona ibica ku mbuga ngurukanabumenyi nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru ca Gulf News.

Uwo mupfasoni base kumenyesha izina ryiwe, kandi atari asanzwe aba muri ico gihugu, yaciwe ihadabu ry'amapaounds 28.000.

Yaremeye muri sentare ko yaravye muri iyo telefone ata ruhusha abifitiye, aca yirungikira ifoto muri telefone yiwe nk'uko n'uwumuburanira yavyemeje.

Uwo amuburanira, Eman Sabt, yavuze ko uwo mugabo n'umugore, bose bafise imyaka 30, kandi bakaba ari abarabu, ariko nta co yavuze kirenze aho