Kwubakana musangiye igitsina birarekuwe muri Seychelle

Seychelle Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Izinga rya Seychelle ryemeje itegeko ritabangamira abakundana basangiye igitsina

Abashingamateka bo mw'izinga rya Seychelle bemeje itegeko ritabangamira abakundana basangiye igitsina.

Iyo ngingo yafashwe inyuma y'aho prezida James Michel, atangarije mw'ijambo ryiwe mu kwezi kwa kabiri ko, ashaka gukura itegeko ribangamira abakundana basangiye igitsina.

Abakuru b'amadini cane cane Katolika, baramunebaguye bavuga ko gukundana musangiye igitsina biteye kubiri n'amategeko y'idini.

Ariko abashingamateka batoye iryo tegeko bavuga ko ibwirizwa shingiro riha uburenganzira bumwe abantu, ko rero badashobora guhanwa kubera uko baremwe.