Ibisigarira vy'indege ya EgyptAir vyabonetse

Egypt Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ibisigarira vy'indege ya EgypyAir vyabonetseku birometero 290 uvuye mu gisagara ca Alexandrie

Igisirikare ca Misri n'ishirahamwe riraba ingendo z'indege muri ico gihugu bavuga ko ibisigarira vy'indege ya EgyptAir vyabonetse mu kiyaga Mediterane.

Iyo ndege ifise nimero y'urugendo 804 yava i Paris yerekeza mu Misri irimwo abantu 66 igihe yaburirwa irengero ku musi wa kane.

Umuvugizi w'igisirikare ca Misri yavuze ko ibisigarira vy'iyo ndege n'abayirimwo bari ku birometero 290 uvuye mu gisagara ca Alexandrie.

Mw'itangazo ryiwe, prezida Abdel Fattah al-Sisi yababajwe n'iryo sanganya.

Ishirahamwe ry'indege EgyptAir na ryo ryemeje ko ivyo bisigarira vyabonetse ku rubuga rwaryo rwa Twitter.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Incuti n'abagenzi b'abari muri iyo ndege bari bakoraniye ku kibuga c'indege ca Cairo ku musi wa kane, no ku wa gatanu bakaba bakihari

Ibihugu vy'ubugiliki, Misri, Ubufaransa n'igisirikare c'Ubwongereza bariko barafashanya mu gikorwa co kurondera iyo ndege mu micungararo ya Karpathos.

Ubugiliki buvuga ko, ku vyuma biyoborwa indege, yabonetse igira gatebetebe incuro zibiri, ica iragwa ivuye ku birometero 25,000, ica yinjira mu mazi.