Indege n'amakamyo vy'Uburusiya vyaturiwe muri Syria

Syria Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Indege n'amakamyo vy'Uburusiya vyaturiwe muri Syria

Amafoto y'ibigendajuru zerekanywe na BBC zerekana indege zine z'Uburusiya zo mu bwoko bwa kajugujugu n'ikamyo 20 vyatuririwe mw'ikambi imwe ya gisirikare iri hagati muri Syria, mu ndwi iheze.

Ikompanyi imwe isuma urusaku muri Amerika, Stratfor, yerekanye izo foto, ivuga ko bishoboka ko yoba ari IS yakoze iryo bara.

Umuhari wa Islamic State ntibaravuga ko ari bo babigize, ariko inkuru ziva muri uwo mugwi zavuze ko kajugujugu n'amakamyo vyaturiwe.

Bamwe mu bahinga bavuga ko bishoboka ko umuriro wakwiragiye hose uvuye ahabitse igotoro haturitse.

Uburusiya nta co buravuga.