Udukingirizo dutangwa ku buntu mu Rwanda

Kigali
Image caption Ivyo bibanza vyashizwe mu turere turimwo igitigiri kinini c'abagendana umugera wa Sida

Mu gihugu c'Urwanda, udukingirizo turatangwa ku buntu mu duce tumwe tumwe tugwiriyemwo ubusambanyi, kandi hari igitigiri kinini c'abafise umugera wa Sida.

Ibibanza bitobito vyarashizweho muri utwo duce, bikoregwamwo ico gikorwa amasaha 24 ku musi.

Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu mu Rwanda buvuga ko ibice bitatu kw'ijana ari bo bafise umugera wa Sida, ko ico gikorwa kizogabanya umuvuduko wo kwandukira abandi.

"Twarabonye abantu banka gukoresha udukingirizo kubera batubuze, duca dufata ingingo yo gushiraho ibibanza muri utu turere tune two mu gisagara ca Kigali, turimwo abantu bamaze kwandukirwa n'umugera wa Sida benshi," uko ni ko Dr Sabin Nsabimana, umwe mubajejwe ico gikorwa yavuze.

"Kubera ico gikorwa ndibaza ko dushobora kugabanya umuvuduko w'ingene iyo ngwara yandukira."

Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu mu Rwanda buvuga ko bwafashe iyo ngingo yo gukwiragiza udukingirizo ku buntu inyuma yo kubona ko abantu bamwe bamwe bananirwa kutugura, abandi bakagira isoni yo kutugura ku mugaragaro.

Igiciro c'agakingirizo mw'iduka kiri hagati y'amafaranga 300 na 500 yo mu Rwanda, angana n'igice c'idolali ya Amerika.

Image caption Urwanda rufise umugambi wo gukwiragiza udukingirizo dushika umuliyoni mu gihugu cose

Biciye muri uwo mugambi, Urwanda rushaka gukwiragiza udukingirizo imiliyoni imwe gushika mu mpera z'uyu mwaka.

Umumenyashamakuru wa BBC ari mu Rwanda Yves Bucyana avuga ko mu myaka itanu iheze, Urwanda rwagerageje gukwiragiza udukingirizo rukoresheje imashini zashizwe mu mazu yo kwidagaduriramwo, ariko ico gikorwa nta co cashitseko.

Kugira uronke agakingirizo wabanza gushira ibiceri muri izo mashini ahenshi zamaze gupfa.