Ibihe bitoroshe kubera igiciro c'inyanya muri Nigeria

Kaduna
Image caption Intara ya kaduna yatangaje igihe c'ibihe bidasanzwe kubera ibura ry'inyanya

Intara imwe yo mu gihugu ca Nigeria yatangaje ibihe bitoroshe kubera ibura ry'inyanya.

Iyo ntara ya Kaduna, iri mu buraruko bwa Nigeria, yafashe iyo ngingo inyuma y'aho udukoko twonona inyanya tuzwi kw'izina rya Tomato Leaf Miner canke Tuta Absoluta, bwononeye inyama mu mirima.

Uwujejwe indimo muri iyo ntara, Daniel Manzo Maigar yavuze ko utwo dukoko twononye ibice 80 kw'ijana vy'inyanya muri iyo ntara.

Yavuze ko abarimyi 200 bahomvye amahera arenga ama nair umuriyaridi, n'ukuvuga imiliyoni 5.1 y'amadolali, mu kiringo c'ukwezi kumwe guheze.

Igiciro c'inkoko y'inyanya cavuye kw'idolali 1,20 mu mezi atatu aheze, kija ku madolali 40.

Umumenyeshamakuru wa BBC ari mu gihugu ca Nigeria Kabir Muhammad yavuze ko abategetsi bo muri iyo ntara batangaje ibihe bitoroshe mu kwerekana ko bariko barafata ingingo zo gutorera inyishu ico kibazo.

Reta y'iyo ntara kandi yatumye abakozi bayo muri Kenya kubonana n'abahinga mu kugwanya Tomato Leaf Miner, kugira bamenye uko borushirizaho kurwanya utwo dukoko.

Intara ya Kaduna iri mu buraruko bwa Nigeria, Onu ikaba ivuga ko hava umwimbu mwinshi w'inyanya kw'isi.

Image caption Inyanya zirakorshwa mu mfungurwa nyinshi mu gihugu ca Nigeria

Mu ntango y'uku kwezi, ikompanyi ihingura inyanya zo gutera n'izo gushira mu makopo ya Aliko Dangote, yarahagaritse ibikorwa vyayo kubera ibura ry'inyanya, nk'uko bivugwa na Forbes.

Inyanya zirakoreshwa cane mu mfungurwa zo muri Nigeria na 'tomato, izina ry'inyanya mu congereza, rirazwi cane ku rubuga rwa twitter muri ico gihugu aho baharira kw'iduga ry'igiciro c'inyanya.