UK: Ubwato bw'intambara muri Libya

David Cameron Uwufise ububasha kw’isanamu Google
Image caption Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, David Cameron yavuze ko agiye kurungika ubwato bw'intambara muri Libya

Ubwongereza bumenyesha ko bugiye kurungika ubwato bw'intambara muri Mediterrane, gufasha kurwanya ibirwanisho vyinjira mu mpisho muri Libya, nk'uko vyashikirijwe n'umushikiranganji wa mbere w'ico gihugu, David Cameron.

Yabwiye inama ya G7 iriko irabera mu Buyapani ko Ubwongereza bwiteguye gufata iya mbere mu gufasha igihugu ca Libya mu kugwanya abinjiza ibirwanisho mu mpisho hamwe n'abimukira.

Ubwongereza busanzwe bufise ubwato muri ako karere buhakizura, bwo mw'ishirahamwe rya HMS.

Abategetsi bariko bararondera uburenganzira bwa Onu kugira ubwo bwato bw'intambara bushasha bushobore kuza burafata amato ashira ibirwanisho umugwi wiyita Islamic State.

Mu ndwi iheze, reta nshasha ihurikiyemwo bose (GNA) muri Libya, yasavye ishirahamwe rya Buraya, buri mu bikorwa vyiswe Operation Sophia, muri ako karere, gufasha gusumba.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Reta nshasha ya Libya isaba ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya kuyifasha kurwanya abimukira baca mu kiyaga Mediterrane

Isaba imfashanyo y'imyimenyerezo y'abasirikare bagwanira mu mazi hamwe n'abacungera inkengera z'amazi, hamwe rero no guhagarika abimukira baca mu kiyaga ca Mediterrane.

Iyo reta nshasha kandi iriko irihweza icipfuzo c'uko amato y'ibindi bihugu yokorera mu karere Libya igenzura.