Imishamirano hagati y'abashigikiye n'abarwanya Trump

San Diego Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abashigikiye n'abarwanya umucandida Trump batanye mu mitwe i San Diego muri California

Abashigikiye hamwe n'abarwanya uwo umugambwe w'abarepublicains washize imbere mu matora y'umukuru w'igihugu, Donald Trump batanye mu mitwe mu gisagara ca San Diego i California.

Igipolisi kivuga ko hari abarundanye imbere y'ikibanza haberamwo inama batabirekuriwe n'amategeko, bafatamwo 35 igihe amabuye n'amacupa y'amazi vyariko birararira mu kirere.

Trump yari muri ico gisagara kiri hagufi y'urubibe Amerika ihana na Mexique, kwiyamamariza amatora y'ibanze ategekanijwe itariki 7 aho muri California.

Yamenyesheje ko azokubaka uruhome aho ku rubibe mu ntumbero yo gukumira abimukira.

Iyo mishamirano yadutse ico kibanza kiberamwo amanama gisigaye kigaragara kubera imyiyamamazo ya Trump, abamushigikiye n'abamurwanya bahurira mu mabarabara, baterana amajambo bongera bacokozanya hagati yabo.

Abapolisi barenga mirongo ibiri bambaye ibintu vyo kubakingira barungitswe kubatandukanya.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Trump afise umugambi wo kwubaka uruhome ku rubibe Amerika ihana na Mexique mu gukumira abimukira

Bamwe mu bari muri iyo mishamirano buriye impome batera amacupa y'amazi abapolisi.

Hamaze gutangwa itegeko ko abo bantu bahava, igipolisi caciye kibahindira kure ya quartier ya Gaslamp yo muri ico gisagara.