Ubufaransa n'Ubudagi baribuka intambara ya Verdun

verdun Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abasirikare b'abafaransa arahanganye n'ibitero vya bombe vy'abadagi amezi 10

Prezida Francois Hollande w'Ubufaransa n'umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi, Angela Merkel baribuka imyaka ijana irangiye habaye intambara y'i Verdun, yamaze igihe kirekire mu ntambara ya kabiri y'isi yose.

Abasirikare amajana n'amajana b'abafaransa n'abadagi barapfiriye muri iyo ntambara yamaze amezi icumi mu buraruko bushira bushira ubuseruko bw'Ubufaransa.

Umufaransa busa n'uko ari bwo bwayitsinze.

Ariko uyu musi, Verdun ibonwa nk'ikimenyetso co gusubiza hamwe hagati y'Ubufaransa n'Ubudagi, kandi vyitezwe ko prezida Hollande na mugenzi we Merkel basubira gusaba ko Uburaya bwokunga ubumwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Itongo ry'abapfuye ririmwo ibisigarira vy'abazize intambara ya Verdun

Ibirori vyatanguye abo bategetsi babiri bagendera itondo ry'abapfuye ririmwo abasirikare b'abadagi i Consenvoye, mu buraruko bwa Verdun.

Baca baja ahabera ivyo birori muri Verdun City Hall, imbere yo gushira amashurwe ku cibutso kiri muri ico gisagara.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Francois Mitterrand na Helmut Kohl bafatanye amaboko nk'ikimenyetso co gusubiza hamwe mu 1984

Ibirori vyo kwigina uwo musi nyezina bibera Ossuary Douaumont inyuma y'umutaga, aho abo bategetsi babiri baza gushikiriza amajambo.

Ivyo birori biza gushimikira ahanini ku ndero y'urwaruka kandi biza kuba vyitabwe n'abana bashika 4,000 bo mu Budagi n'Ubufaransa.