Real Madrid yatahukanye igikombe

Milan Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abakinyi ba Real Madrid bariko barigina igikombe

Umugwi wa Real Madrid ni wo watahukanye igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo batsinze Atletico Madrid kuri penalty (5-3), ku kibuga ca San Siro, mu gisagara ca Milan, mu Butaliano.

Sergio Ramos ni we yinjirije Ream Madrid imbere y'uko Antoine Griezmann ahusha panalty.

Yannick Carrasco ni we yagomboye ico gitego ca Real bituma babaha iminota y'inyongera.

Urukino rwarangiye ari igitego ku kindi, baca batera penalty, aho Real Madrid yinjije 5, Atletico na yo 2.