Nadia Savchenko yashikirije ijambo inama nshingamateka

Nadia Savchenko
Image caption Nadia Savchenko muri sentare y'Uburusiya yambaye impuzu ziranga akaranga k'igihugu ca Ukraine

Mw'ijambo ryiwe rya mbere mu nama nshingamateka, Nadia Savchenko, umudereva w'indege yahora apfungiwe mu Burusiya, yiyemeje kurekuza abandi basigayeyo.

"Mutegerezwa kurekuza uwo wese akiri mw'ibohero mu Burusiya," uko ni ko yabwiye abashingamateka.

Igihe yariko arashikiriza ijambo, yari yashize imbere ibendera rya Ukraine, aca aranaririmba indirimbo ihayagiza ico gihugu.

Igihe yari apfungiwe mu Burusiya, Savchenko yaratowe mu mabanga y'ubushingamateka wo mu mugambwe wa Yulia Tymochenko.