Ukutumvikana ku musi mukuru wo kwikukira muri Kenya

kenya
Image caption Bamwe mu bakuru b'urunani CORD muri Kenya

Vyitezwe ko sentare nkuru yo mu gihugu ca Kenya ivuga aho ihagaze nimba urunani rw'imigambwe itavuga rumwe na reta CORD ruzobandanya inama yarwo ejo ku musi wahariwe ukwikukira.

Mu misi iheze, abari muri urwo runani rutavuga rumwe na reta baragize imyiyeekano yo gusaba akanama k'igihugu kajejwe gutegura amatora (IEBC) gutanga imihoho.

Hari abaguye muri iyo myiyerekano, igipolisi kikaba cagirijwe gukoresha inguvu zirenze urugero.

Urunani CORD ruvuga ko rushaka gukoresha uwo musi nk'uwo kwisuzuma.

Akanama kajejwe umutekano mu gihugu karagabishije ko amanama ya politike mu gisagara ca Nairobi, abangamira umutekano w'igihugu .

Vyitezwe ko prezida Uhuru Kenyatta ashikiriza ijambo abanyagihugu kuri uwo musi wo kwikukira, mu gisagara ca Nakuru kiri mu burengero bwa Kenya.