Ikambi y'impunzi ya Daadab izugarwa mu kwezi 11

Daadab Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ikambi ya Daadab yuguruwe mu 1991 ikaba ari yo kambi nini ya mbere kw'isi

Impunzi ziri mw'ikambi ya Daadab izugarwa bitarenze ukwezi kwa cumi na rimwe uyu mwaka.

Umushikiranganji w'umutekano mu gihugu ca Kenya Joseph Nkaisserry yavuze aho reta ihagaze ko ata bindi biganiro bizohaba ku vyerekeye ico kibazo.

Uwo mushikiranganji yabwiye BBC kandi ko reta ifashanije na reta ya Somalia hamwe n'ishami rya Onu rijejwe gufasha impunzi kw'isi HCR , ko bazokora uko bashoboye kugira iryo tahukanwa rigende neza.

Igihugu ca Kenya kiramaze gutegura amahera agera ku miliyoni 10 z'amadolali zo kugira ico gikorwa kigende neza, bavuga ko gifise intumbero yo kwongereza umutekano, inyuma y'ibitero bitandukanye vy'abitwaje iterabwoba bikorwa n'abagwanyi ba Al-Shabab.

Uwo mushikiranganji yavuze ivyo mu kiganiro n'abamenyeshamakuru igihe yariko arakira icegeranyo c'ipfungwa ry'iyo kambi y'impunzi.

Iyo kambi irimwo impunzi zirenga ibihumbi amajana atatu ivugwa ko ari yo yahaye indaro abitwaza iterabwoba bateguye bakongera bagashira mu bikorwa ibitero vy'iterabwoba muri ico gihugu ca Kenya.

Igihugu ca Kenya guha indaro izo mpunzi z'abanya Somalia bigira ingaruka mbi ku butunzi, umutekano n'ibidukikije vya Kenya.

Iyo kambi yashinzwe mu mwaka 1991, bamwe mu mpunzi bakaba bayimazemwo imyaka irenga 20.