Umuhora muremure wo mu kuzimu urugururwa mu Buswisse

Suisse Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Igariyamoshi 260 hamwe na 65 zitwara abantu ni zo zizoza ziraca muri uwo muhora buri musi

Uwo muhora w'inzira zibiri wa Gotthard wa kilometero 57 uranyaruka cane ufatanya akarere ka Alpes mu Busuisse n'ubumanuko bw'Uburaya

Ubusuisse buvuga ko iryo barabara rigiye guteza imbere igisata co kwunguruza abantu n'ibintu.

Ibintu vyahora bica mw'ibarabara bitwawe n'amamiliyoni y'amakamyo, ubu bizoza bigenda na gariyamoshi.

Uwo muhora uciyeko uwo mu Buyapani wa Seikan w'ibirometero 53.9 wahora ari eo muremure kw'isi, hanyuma utuma uwitwa Channel Tunnel w'ibirometero 50.5 ufatanya Ubwongereza n'Ubufaransa uja mu kibanza ca gatatu.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi Angela Merkel, prezida w'Ubufaransa Francois Hollande hamwe n'umushikiranganji wa mbere w'Ubutaliano Matteo Renzi barifatanya n'abategetsi b'Ubusuisse mu birori vyo kwugurura uwo muhora.

"Ni kimwe mu biranga Akaranga k'Ubusuisse," uko ni ko uwurongoye ibiro bijejwe kwunguruza abantu n'ibintu Peter Fueglistaler yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters.

"Kuri twebwe guca mu misozi ya Alpes, ni nk'Ubuhollande mu guca mw'ibahari."

Uwo mugambi watwaye imiliyaridi zirenga 12 z'amadolali, wari wemejwe n'abanyagihugu mu matora ya kamarampaka yo mu 1992.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Uwo muhora uca ku birometero 2.3 mu kuzimu

Abanyagihugu barashigikiye umugambi wari watanzwe n'imigwi iharanira gukingira ibidukikije kwimura ibintu vyose bica mu mabarabara bigasigara bica mu magariyamoshi mu myaka iri imbere.

Uwo muhora uri ku birometero 2.3 musi y'imisozi n'ibibuye bifise ubushuhe bushika ku 46C.

Abantu icenda barabuze ubuzima baguye mu bikorwa vyo kwimba uwo muhora.