Habonetse ahari agasandugu k'indege ya EgyptAir

Misri Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Imigwi ijejwe kurondera udusandugu twerekana uko indege igenda bari bamaze imisi bagerageza kutubona

Abafaransa baremeza ko babonye ibimenyetso vyerekana ahari kamwe mu dusandugu twerekana uko indege igenda tw'indege ya Misri iherutse kuburirwa irengero.

Incuro ya mbere habonetse ikimenyetso coba cerekana kamwe mu uri ubwo busandugu, cabonywe musi cane y'amazi n'ubwato bw'abafaransa bwa La Place.

Buzokurikirwa mu ndwi iza n'ubwato budasanzwe bufise ivyuma bishobora gutora ikintu kiri ku metero 3000.

Burashobora gukurayo utwo dusandugu mu gihe boba batubonye.

Icuma cegeranya amajwi gifise amabateri ashobora kwerekana ibimenyetso mu kiringo c'imisi 30, imigwi y'abanye Misri n'abafaransa bari mu gikorwa co kurondera iyo ndege ubu bariko baratanguranwa n'umwanya.

Iryo sanganya rikiba, abategetsi bibaza ko ryatewe n'ibitero vyiterabwo gusumba ko ryoba ryaturutse ku ngorane y'ivyuma, ariko nta n'umwe ariyitirira iryo sanganya.

Kuva ico gihe abategetsi ba Misri bavuga ko vyose ubu bishoboka.

Iyo ndege ya Airbus A320 yakorotse irimwo abantu 66 itariki 19 z'ukwezi kwa gatanu iriko iva i Paris igana i Cairo.